Gusubira mu vyagezwe 28:64 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 64 Yehova azobashwiragiza mu mahanga yose, kuva ku mpera imwe y’isi gushika ku yindi+. Muri ayo mahanga muzokorera imana z’ibiti n’amabuye, imana mwe na ba sokuruza banyu mutigeze mumenya+. Yeremiya 5:19 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 19 Kandi nibabaza bati: “Kubera iki Yehova Imana yacu yadukoreye ivyo bintu vyose?” Uze ubishure uti: “Kubera ko mwampevye, mugakorera imana y’inyamahanga mu gihugu canyu, rero muzokorera abanyamahanga mu gihugu kitari icanyu+.”» Yeremiya 12:7 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 7 «Narahevye inzu yanje+, icibare kinyegukira+. Uwo nkunda cane naramuretse agwa mu maboko y’abansi biwe+.
64 Yehova azobashwiragiza mu mahanga yose, kuva ku mpera imwe y’isi gushika ku yindi+. Muri ayo mahanga muzokorera imana z’ibiti n’amabuye, imana mwe na ba sokuruza banyu mutigeze mumenya+.
19 Kandi nibabaza bati: “Kubera iki Yehova Imana yacu yadukoreye ivyo bintu vyose?” Uze ubishure uti: “Kubera ko mwampevye, mugakorera imana y’inyamahanga mu gihugu canyu, rero muzokorera abanyamahanga mu gihugu kitari icanyu+.”»
7 «Narahevye inzu yanje+, icibare kinyegukira+. Uwo nkunda cane naramuretse agwa mu maboko y’abansi biwe+.