-
Gusubira mu vyagezwe 17:18-20Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
18 Niyaja ku ngoma, ategerezwa kwiyandikira aya mategeko mu gitabu* ciwe. Azoyimura ayakuye mu gitabu abaherezi b’Abalewi bazoba bafise+.
19 Ico gitabu ategerezwa kucamana hafi yiwe, kandi ategerezwa kugisoma imisi yose y’ubuzima bwiwe+, kugira yige gutinya Yehova Imana yiwe yongere yubahirize aya mategeko yose n’aya mabwirizwa mu kubishira mu ngiro+. 20 Ivyo bizotuma atishira hejuru ya benewabo, ntace ku ruhande aya mabwirizwa kugira ngo we hamwe n’abahungu biwe barambire ku ngoma muri Isirayeli.
-