ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Samweli 8:11-18
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 11 Ababwira ati: «Ng’ibi ivyo umwami wanyu azoba afise uburenganzira bwo kubasaba+: azofata abahungu banyu+ abazeze imikogote yiwe+, baje no mu bantu biwe bagendera ku mafarasi+. Bamwe muri bo bazoza bariruka imbere y’imikogote yiwe. 12 Azokwitorera abazoba abakuru batwara imigwi y’abantu 1.000+ n’abatwara imigwi y’abantu 50+. Bamwe bazomurimira+, abandi bimbure umwimbu wiwe+, abandi na bo bakore ibirwanisho vyiwe n’ivyuma vy’imikogote yiwe+. 13 Abakobwa banyu azobatwara kugira babe abajejwe gukora amavuta*, abateka n’abotsa imikate+. 14 Azotwara amatongo yanyu mezameza n’imirima yanyu y’imizabibu myizamyiza, n’imirima yanyu y’imyelayo* myizamyiza+, abihe abasuku biwe. 15 Ku ntete n’inzabibu muzokwimbura azotwara ic’icumi agihe abatware bo ku kirimba n’abasuku biwe. 16 Azotwara abasuku banyu n’abasukukazi banyu n’inka zanyu nzizanziza, n’indogobwa zanyu, abikoreshe mu bikorwa vyiwe+. 17 Azotwara ic’icumi c’intama zanyu n’impene zanyu+, namwe mube abasuku biwe. 18 Hazogera igihe murira kubera umwami mwitoreye+, mugabo uwo musi Yehova ntazobishura.»

  • 1 Abami 4:7
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 7 Salomo yari afise abatware 12 muri Isirayeli yose baronsa umwami n’urugo rwiwe ibifungurwa. Umwe wese muri bo yari afise ukwezi kumwe mu mwaka abitangamwo+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika