-
1 Samweli 8:11-18Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
11 Ababwira ati: «Ng’ibi ivyo umwami wanyu azoba afise uburenganzira bwo kubasaba+: azofata abahungu banyu+ abazeze imikogote yiwe+, baje no mu bantu biwe bagendera ku mafarasi+. Bamwe muri bo bazoza bariruka imbere y’imikogote yiwe. 12 Azokwitorera abazoba abakuru batwara imigwi y’abantu 1.000+ n’abatwara imigwi y’abantu 50+. Bamwe bazomurimira+, abandi bimbure umwimbu wiwe+, abandi na bo bakore ibirwanisho vyiwe n’ivyuma vy’imikogote yiwe+. 13 Abakobwa banyu azobatwara kugira babe abajejwe gukora amavuta*, abateka n’abotsa imikate+. 14 Azotwara amatongo yanyu mezameza n’imirima yanyu y’imizabibu myizamyiza, n’imirima yanyu y’imyelayo* myizamyiza+, abihe abasuku biwe. 15 Ku ntete n’inzabibu muzokwimbura azotwara ic’icumi agihe abatware bo ku kirimba n’abasuku biwe. 16 Azotwara abasuku banyu n’abasukukazi banyu n’inka zanyu nzizanziza, n’indogobwa zanyu, abikoreshe mu bikorwa vyiwe+. 17 Azotwara ic’icumi c’intama zanyu n’impene zanyu+, namwe mube abasuku biwe. 18 Hazogera igihe murira kubera umwami mwitoreye+, mugabo uwo musi Yehova ntazobishura.»
-