ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Samweli 7:12
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 12 Ubuzima bwawe nibwarangira ugapfa*+, umuhungu wawe*, uruvyaro* rwawe bwite, nzomugira umwami mu kibanza cawe. Kandi ubwami bwiwe nzobukomeza+.

  • 2 Samweli 7:16
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 16 Umuryango* wawe n’ubwami bwawe bizokwamaho ibihe vyose, n’intebe yawe y’ubwami yameho ibihe vyose+.’”»

  • 1 Abami 8:25
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 25 None rero Yehova Mana ya Isirayeli, ndagusavye uze ushitse ivyo wasezeraniye umusavyi wawe dawe Dawidi igihe wavuga uti: “Abana bawe nibaguma bigenza neza, bakagendera mu nzira zanje nk’uko wabigize, mu muryango wawe ntihazokwigera habura uwicara ku ntebe y’ubwami ya Isirayeli+.”

  • 1 Ngoma 17:11
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 11 Ubuzima bwawe nibwarangira ugapfa*, umwe mu bahungu bawe, uruvyaro* rwawe bwite+, nzomugira umwami mu kibanza cawe. Kandi ubwami bwiwe nzobukomeza+.

  • Zaburi 132:11, 12
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 11 Yehova yararahiye Dawidi,

      kandi ntazogenda yivuguruje.

      Yavuze ati: «Nzoshira ku ntebe yawe y’ubwami

      uwo mu ruvyaro rwawe*+.

      12 Abana bawe nibagumya isezerano ryanje

      n’ivyibutswa vyanje ndabigisha+,

      abana babo na bo nyene

      bazokwicara ku ntebe yawe y’ubwami ibihe vyose+.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika