ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Ngoma 11:1-4
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 11 Rehobowamu ashitse i Yeruzalemu, aca akoranya abo mu muryango wa Yuda n’abo mu muryango wa Benyamini+. Yakoranije abarwanyi 180.000 bamenyerejwe*, kugira barwanye Abisirayeli basubize ubwami Rehobowamu+. 2 Maze Yehova abwira Shemaya+ umuntu w’Imana y’ukuri ati: 3 «Bwira Rehobowamu mwene Salomo umwami w’Ubuyuda, ubwire n’Abisirayeli bose baba mu Buyuda no mu karere ka Benyamini uti: 4 “Yehova avuze ati: ‘Ntimuje kurwanya benewanyu. Umwe wese nasubire iwe kuko ari je natumye ibintu bigenda ukwo+.’”» Nuko bagamburukira Yehova basubira inyuma, ntibaja gutera Yerobowamu.

  • 2 Ngoma 25:5
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 5 Nuko Amaziya akoraniriza hamwe abo mu Buyuda maze abatondeka yisunze imigwi mikurumikuru igize imiryango bavamwo. Iyo migwi yari ihagarikiwe n’abakuru b’imigwi y’abantu 1.000 n’ab’imigwi y’abantu 100. Ukwo ni ko yabigize ku bo mu muryango wa Yuda n’uwa Benyamini+ bose. Yaharuye afatiye ku bafise imyaka 20 kuduga+, aronka abarwanyi 300.000 bamenyerejwe* boja mu ngabo, bazi gukoresha icumu n’inkinzo zagutse.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika