ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Samweli 3:29
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 29 Ayo maraso aze agaruke ku gatwe ka Yowabu+ n’abo mu muryango wa se bose. Mu muryango wa Yowabu ntihaze higere habura umugabo arwaye indwara ituma ajojota mu bihimba vy’irondoka+, canke umunyamibembe+ canke umugabo akora ivyo guhinga inyuzi*, canke uwicwa n’inkota canke uwukenye ibifungurwa+.»

  • 1 Abami 2:31-34
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 31 Umwami aca amubwira ati: «Kora ivyo avuze. Mwice uheze umuhambe. Twe n’umuryango wa dawe uzoba udukuyeko amaraso Yowabu yasheshe ata mvo+. 32 Yehova agira agarukane ku gatwe kiwe amaraso yasheshe, kuko yicishije inkota abagabo babiri b’intungane* kumurusha kandi bameze neza kumurusha. Yishe Abuneri+ mwene Neri umukuru w’ingabo za Isirayeli+, yica na Amasa+ mwene Yeteri umukuru w’ingabo z’Ubuyuda+. Yabishe dawe Dawidi atabizi. 33 Amaraso yabo azoguma ku gatwe ka Yowabu no ku gatwe k’uruvyaro rwiwe*+. Mugabo kuri Dawidi n’uruvyaro rwiwe* n’umuryango wiwe n’ubwami bwiwe*, haze hame amahoro ava kuri Yehova.» 34 Maze Benaya mwene Yehoyada aragenda yica Yowabu. Baraheza bamuhamba iwe mu bugaragwa*.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika