-
1 Abami 2:31-34Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
31 Umwami aca amubwira ati: «Kora ivyo avuze. Mwice uheze umuhambe. Twe n’umuryango wa dawe uzoba udukuyeko amaraso Yowabu yasheshe ata mvo+. 32 Yehova agira agarukane ku gatwe kiwe amaraso yasheshe, kuko yicishije inkota abagabo babiri b’intungane* kumurusha kandi bameze neza kumurusha. Yishe Abuneri+ mwene Neri umukuru w’ingabo za Isirayeli+, yica na Amasa+ mwene Yeteri umukuru w’ingabo z’Ubuyuda+. Yabishe dawe Dawidi atabizi. 33 Amaraso yabo azoguma ku gatwe ka Yowabu no ku gatwe k’uruvyaro rwiwe*+. Mugabo kuri Dawidi n’uruvyaro rwiwe* n’umuryango wiwe n’ubwami bwiwe*, haze hame amahoro ava kuri Yehova.» 34 Maze Benaya mwene Yehoyada aragenda yica Yowabu. Baraheza bamuhamba iwe mu bugaragwa*.
-