-
1 Abami 15:25-29Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
25 Mu mwaka ugira kabiri Asa umwami w’Ubuyuda aganza, Nadabu+ mwene Yerobowamu aba umwami wa Isirayeli. Yamaze imyaka ibiri aganza Isirayeli. 26 Yagumye akora ivyo Yehova abona ko ari bibi, akurikira akarorero kabi ka se+, akora n’ibicumuro se yakoze agatuma n’Abisirayeli babikora+. 27 Maze Bayasha mwene Ahiya wo mu muryango wa Isakari ategura umugambi wo kurwanya Nadabu, araheza amwicira mu gisagara ca Gibetoni+ caganzwa n’Abafilisitiya. Ico gihe Nadabu n’Abisirayeli bose bari bugarije ico gisagara. 28 Bayasha yamwishe mu mwaka ugira gatatu Asa umwami w’Ubuyuda aganza, aca atangura kuganza mu kibanza ciwe. 29 Akimara kuba umwami, yica abo mu muryango wa Yerobowamu bose, ntihagira n’umwe asigaza*. Yarabazimanganije nk’uko Yehova yari yarabivuze biciye ku musavyi wiwe Ahiya w’i Shilo+.
-