-
Gusubira mu vyagezwe 12:5, 6Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
5 Ahubwo muzoja gusengera Yehova Imana yanyu ahantu azoba yatoye mu miryango yanyu yose ngo hitirirwe* izina ryiwe yongere ahabe+. 6 Aho ni ho muzozana amashikanwa yanyu aturirwa+, ibimazi, ivy’icumi+, intererano+, amashikanwa yo gushitsa indagano, amashikanwa mutanga muvyishakiye+ hamwe n’ibitungwa bivutse ubwa mbere mu bitungwa vyanyu+.
-
-
1 Abami 8:16, 17Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
16 “Kuva umusi nakura abantu banje b’Abisirayeli mu Misiri, nta gisagara natoye mu miryango yose ya Isirayeli ngo bahubake inzu izokwama yitirirwa izina ryanje+. Mugabo naratoye Dawidi kugira ngo aganze abantu banje b’Abisirayeli.” 17 Dawe Dawidi yaripfuje cane kwubaka inzu yitirirwa izina rya Yehova Imana ya Isirayeli+.
-