ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Abami 7:51
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 51 Umwami Salomo arangiza ivyo yategerezwa gukora bijanye n’inzu ya Yehova. Salomo araheza azana ibintu se Dawidi yari yareguriye Imana*+, maze ashira ifeza, inzahabu n’ibindi bintu mu bubiko bw’itunga ry’inzu ya Yehova+.

  • 1 Abami 15:18
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 18 Asa aca afata ifeza zose n’inzahabu zose vyari bisigaye mu bubiko bw’itunga ry’inzu ya Yehova no mu bubiko bw’itunga ry’inzu* y’umwami, abiha abasuku biwe. Umwami Asa aca abatuma kuri Beni-Hadadi umwami wa Siriya+ yaba i Damasiko. Beni-Hadadi yari mwene Taburimoni, Taburimoni mwene Heziyoni. Abatuma kumubwira ngo:

  • 2 Abami 18:14, 15
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 14 Hezekiya umwami w’Ubuyuda aca arungika intumwa i Lakishi kubwira umwami wa Ashuri ngo: «Naragize nabi. Ndagusavye usubire inyuma, ureke kuntera. Ico unsaba cose nzokiguha.» Nuko umwami wa Ashuri ategeka ko Hezekiya umwami w’Ubuyuda amuha italanto* 300 z’ifeza n’italanto 30 z’inzahabu. 15 Hezekiya atanga rero ifeza zose zari mu nzu ya Yehova no mu bubiko bw’itunga ry’inzu* y’umwami+.

  • 2 Abami 24:12, 13
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 12 Maze Yehoyakini umwami w’Ubuyuda ari kumwe na nyina, n’abasuku biwe, n’abatware biwe*, n’abakozi bo ku kirimba iwe+, baja kwishikana ku mwami wa Babiloni+, na we aca amugira imbohe. Hari mu mwaka ugira umunani umwami wa Babiloni aganza+. 13 Agenda atwaye ubutunzi bwose bwari mu nzu ya Yehova n’ubwari mu nzu* y’umwami+. Ahimbagura ibikoresho vy’inzahabu vyose vyari mu rusengero rwa Yehova, vyari vyakozwe na Salomo umwami wa Isirayeli+. Vyabaye nk’uko Yehova yari yarabivuze.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika