-
1 Abami 15:18Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
18 Asa aca afata ifeza zose n’inzahabu zose vyari bisigaye mu bubiko bw’itunga ry’inzu ya Yehova no mu bubiko bw’itunga ry’inzu* y’umwami, abiha abasuku biwe. Umwami Asa aca abatuma kuri Beni-Hadadi umwami wa Siriya+ yaba i Damasiko. Beni-Hadadi yari mwene Taburimoni, Taburimoni mwene Heziyoni. Abatuma kumubwira ngo:
-
-
2 Abami 18:14, 15Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
14 Hezekiya umwami w’Ubuyuda aca arungika intumwa i Lakishi kubwira umwami wa Ashuri ngo: «Naragize nabi. Ndagusavye usubire inyuma, ureke kuntera. Ico unsaba cose nzokiguha.» Nuko umwami wa Ashuri ategeka ko Hezekiya umwami w’Ubuyuda amuha italanto* 300 z’ifeza n’italanto 30 z’inzahabu. 15 Hezekiya atanga rero ifeza zose zari mu nzu ya Yehova no mu bubiko bw’itunga ry’inzu* y’umwami+.
-
-
2 Abami 24:12, 13Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
12 Maze Yehoyakini umwami w’Ubuyuda ari kumwe na nyina, n’abasuku biwe, n’abatware biwe*, n’abakozi bo ku kirimba iwe+, baja kwishikana ku mwami wa Babiloni+, na we aca amugira imbohe. Hari mu mwaka ugira umunani umwami wa Babiloni aganza+. 13 Agenda atwaye ubutunzi bwose bwari mu nzu ya Yehova n’ubwari mu nzu* y’umwami+. Ahimbagura ibikoresho vy’inzahabu vyose vyari mu rusengero rwa Yehova, vyari vyakozwe na Salomo umwami wa Isirayeli+. Vyabaye nk’uko Yehova yari yarabivuze.
-