ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Abami 17:15, 16
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 15 Nya mugore aragenda, akora ivyo Eliya amubwiye. We n’umuryango wiwe na Eliya bamara imisi myinshi baronka ivyo bafungura+. 16 Wa mubindi munini ntiwigeze uburamwo ifu, na ka gakarabo ntikigeze kaburamwo amavuta, nk’uko Yehova yari yabivuze biciye kuri Eliya.

  • 1 Abami 17:22
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 22 Yehova araheza yumva ivyo Eliya amusavye+ maze uwo mwana asubira kuba muzima+.

  • 1 Abami 17:24
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 24 Uwo mugore aca yishura Eliya ati: «Ubu ndamenye ko uri umuntu w’Imana vy’ukuri+ kandi ko ivyo Yehova avuga biciye kuri wewe ari ukuri.»

  • 1 Abami 18:36
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 36 Nuko mu masaha yo gutanga ishikanwa ry’intete ryo ku mugoroba+, umuhanuzi Eliya aregera avuga ati: «Ewe Yehova, Mana ya Aburahamu+, Izahaki+ na Isirayeli, uyu musi nibimenyekane yuko uri Imana muri Isirayeli. Nibimenyekane kandi yuko jewe ndi umusavyi wawe be n’uko ari wewe wambwiye ngo nkore ibi bintu vyose+.

  • 1 Abami 18:38
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 38 Umuriro wa Yehova uca urakoroka uvuye mw’ijuru, uturira rya shikanwa+, na za nkwi, na ya mabuye, n’umukungugu, ufyeta na ya mazi yari mu muvo+.

  • 1 Abami 18:46
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 46 Mugabo impwemu* ya Yehova iza kuri Eliya maze akenyera neza impuzu*. Ariruka asiga Ahabu gushika i Yezireli.

  • 2 Abami 2:8
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 8 Eliya aca afata impuzu* yiwe+ arayizinga hanyuma akubita amazi. Amazi aca yigaburamwo kubiri, amwe iburyo ayandi ibubamfu. Maze we na Elisha bajabuka baciye ahumutse+.

  • 2 Abami 2:11
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 11 Bakiriko baragenda baganira, baza babona haje umukogote n’amafarasi vyaka umuriro+ birabatandukanya. Maze Eliya aduganwa mu kirere* ajanywe n’igihuhusi+.

  • Luka 1:17
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 17 Vyongeye, azogendera imbere y’Imana afise impwemu n’ububasha nk’ivya Eliya+, kugira agarukane umutima wa ba sebibondo ku bana+, kugira afashe ibigaba gukorana ubwenge* nk’abagororotsi no kugira ashikirize Yehova* abantu bateguwe neza+.»

  • Yohani 1:19
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 19 Ng’iyi intahe rero Yohani yashinze igihe Abayuda barungika abaherezi n’Abalewi bavuye i Yeruzalemu kumubaza bati: «Uri nde+?»

  • Yohani 1:21
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 21 Na bo baca bamubaza bati: «None uri Eliya+?» Abishura ati: «Sindi we.» Na bo bati: «Uri wa Muhanuzi+?» Na we ati: «Oya!»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika