2 Samweli 7:8 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 8 Bwira rero umusavyi wanje Dawidi uti: “Yehova Nyeningabo avuze ati: ‘Nagukuye aho waragira ibitungwa+, ndakugira indongozi y’abantu banje b’Abisirayeli+. 2 Samweli 7:12 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 12 Ubuzima bwawe nibwarangira ugapfa*+, umuhungu wawe*, uruvyaro* rwawe bwite, nzomugira umwami mu kibanza cawe. Kandi ubwami bwiwe nzobukomeza+. 1 Ngoma 29:23 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 23 Salomo rero yicara ku ntebe y’ubwami ya Yehova+, aba umwami mu kibanza ca se Dawidi. Araheza araroranirwa kandi Abisirayeli bose baramugamburukira. 2 Ngoma 1:1 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 1 Ubwami bwa Salomo umuhungu wa Dawidi burushiriza gukomera. Yehova Imana yiwe yari kumwe na we, kandi yatumye aba uwuhambaye cane+. Zaburi 89:36, 37 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 36 Uruvyaro rwiwe ruzokwamaho ibihe vyose+.Intebe yiwe y’ubwami izokwama imbere yanje nk’izuba+. 37 Izokwamaho ibihe vyose,nka kurya nyene ukwezi kwama* mu kirere.» (Sela) Zaburi 132:12 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 12 Abana bawe nibagumya isezerano ryanjen’ivyibutswa vyanje ndabigisha+,abana babo na bo nyenebazokwicara ku ntebe yawe y’ubwami ibihe vyose+.»
8 Bwira rero umusavyi wanje Dawidi uti: “Yehova Nyeningabo avuze ati: ‘Nagukuye aho waragira ibitungwa+, ndakugira indongozi y’abantu banje b’Abisirayeli+.
12 Ubuzima bwawe nibwarangira ugapfa*+, umuhungu wawe*, uruvyaro* rwawe bwite, nzomugira umwami mu kibanza cawe. Kandi ubwami bwiwe nzobukomeza+.
23 Salomo rero yicara ku ntebe y’ubwami ya Yehova+, aba umwami mu kibanza ca se Dawidi. Araheza araroranirwa kandi Abisirayeli bose baramugamburukira.
1 Ubwami bwa Salomo umuhungu wa Dawidi burushiriza gukomera. Yehova Imana yiwe yari kumwe na we, kandi yatumye aba uwuhambaye cane+.
36 Uruvyaro rwiwe ruzokwamaho ibihe vyose+.Intebe yiwe y’ubwami izokwama imbere yanje nk’izuba+. 37 Izokwamaho ibihe vyose,nka kurya nyene ukwezi kwama* mu kirere.» (Sela)
12 Abana bawe nibagumya isezerano ryanjen’ivyibutswa vyanje ndabigisha+,abana babo na bo nyenebazokwicara ku ntebe yawe y’ubwami ibihe vyose+.»