ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Samweli 7:8
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 8 Bwira rero umusavyi wanje Dawidi uti: “Yehova Nyeningabo avuze ati: ‘Nagukuye aho waragira ibitungwa+, ndakugira indongozi y’abantu banje b’Abisirayeli+.

  • 2 Samweli 7:12
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 12 Ubuzima bwawe nibwarangira ugapfa*+, umuhungu wawe*, uruvyaro* rwawe bwite, nzomugira umwami mu kibanza cawe. Kandi ubwami bwiwe nzobukomeza+.

  • 1 Ngoma 29:23
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 23 Salomo rero yicara ku ntebe y’ubwami ya Yehova+, aba umwami mu kibanza ca se Dawidi. Araheza araroranirwa kandi Abisirayeli bose baramugamburukira.

  • 2 Ngoma 1:1
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 1 Ubwami bwa Salomo umuhungu wa Dawidi burushiriza gukomera. Yehova Imana yiwe yari kumwe na we, kandi yatumye aba uwuhambaye cane+.

  • Zaburi 89:36, 37
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 36 Uruvyaro rwiwe ruzokwamaho ibihe vyose+.

      Intebe yiwe y’ubwami izokwama imbere yanje nk’izuba+.

      37 Izokwamaho ibihe vyose,

      nka kurya nyene ukwezi kwama* mu kirere.» (Sela)

  • Zaburi 132:12
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 12 Abana bawe nibagumya isezerano ryanje

      n’ivyibutswa vyanje ndabigisha+,

      abana babo na bo nyene

      bazokwicara ku ntebe yawe y’ubwami ibihe vyose+.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika