ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 32:39
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 39 Ubu rero nimumenye ko ari jewe ndi Imana+,

      nta zindi mana zihari atari jewe+.

      Ndica nkongera ngakiza+.

      Ndakomeretsa+ nkongera nkavura+,

      kandi nta wushobora kurokora ikiri mu kuboko kwanje+.

  • 1 Samweli 2:6
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  6 Yehova arashoboye kwica no gukiza*.

      Arashoboye kumanura umuntu mu kuzimu no kumukurayo+.

  • 2 Abami 4:32
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 32 Igihe Elisha yashika mu nzu, ikiziga c’ako gahungu bari bakiryamitse ku buriri bwiwe+.

  • 2 Abami 4:34
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 34 Araheza yurira ku buriri aryama hejuru y’uwo mwana. Ashira umunwa wiwe ku munwa wa nya mwana, n’amaso yiwe ku maso ya nya mwana n’ibiganza vyiwe ku biganza vya nya mwana. Aguma amuryamyeko maze umubiri wa nya mwana utangura gususuruka+.

  • 2 Abami 13:21
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 21 Umusi umwe abantu bariko barahamba umuntu, baja babona akagwi k’abambuzi. Ubwo nyene baca baterera ikiziga c’uwo muntu mu mva ya Elisha, bariruka. Ico kiziga gikoze ku magufa ya Elisha, uwo muntu aca asubira kuba muzima+, arahagarara.

  • Luka 7:15
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 15 Wa muntu yari yapfuye aca aricara, atangura kuvuga. Yezu aca amuha nyina+.

  • Luka 8:54, 55
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 54 Aca amufata ukuboko, amubwira ati: «Mukobwa wanje, haguruka+!» 55 Aca asubira kuba muzima*+, ubwo nyene aca arahaguruka+. Yezu aca ategeka ko bamugaburira.

  • Yohani 5:28, 29
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 28 Ntimutangazwe rero n’ivyo, kuko igihe kigira kigere aho abari mu mva* bose bazokwumva ijwi ryiwe+ 29 bakazivamwo, abakoze ivyiza bakazukira ubuzima, abagiye barakora ibintu bishisha na bo bakazukira urubanza+.

  • Yohani 11:44
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 44 Uwo muntu yari yapfuye aca arasohoka, amaguru n’amaboko bizingiriyeko ibitambara, mu maso na ho hazingiriyeko impuzu. Yezu aca ababwira ati: «Mutekurure mumureke agende.»

  • Ivyakozwe 9:40, 41
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 40 Petero aca asohora abantu bose+, hanyuma arapfukama arasenga. Maze arahindukira araba ca kiziga, avuga ati: «Tabita, vyuka!» Tabita aca arakanura, abonye Petero aca aricara+. 41 Petero amuha ukuboko aramuhagurutsa, hanyuma ahamagara aberanda harimwo n’abo bapfakazi, amubashikiriza ari muzima+.

  • Ivyakozwe 20:9, 10
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 9 Umusore umwe yitwa Eyutiko yari yicaye kw’idirisha, atwarwa n’itiro ryinshi igihe Pawulo yariko aravuga, maze kubera iryo tiro, agwa hasi avuye kw’igorofa igira gatatu, bamutora yapfuye. 10 Mugabo Pawulo arururuka, amwubamako aramugumbira+, avuga ati: «Nimureke guta umutwe kuko ari muzima+.»

  • Abaroma 14:9
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 9 Ico ni co catumye Kristu apfa akongera kuba muzima, kugira abe Umukama w’abazima n’abapfuye+.

  • Abaheburayo 11:17
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 17 Kubera ukwizera, igihe Aburahamu yagezwa+, yabaye nk’aho atanze Izahaki nk’ikimazi. Uwo mugabo yari yarakiranye umunezero ya mihango, yagerageje gutanga umwana wiwe w’ikinege+.

  • Abaheburayo 11:19
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 19 Mugabo yari azi ko Imana ishoboye no kumuzura mu bapfuye, kandi yaramuronse nk’uwuvuye mu bapfuye, mu buryo bw’ikigereranyo+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika