22 Dawidi aca abwira Abiyatari ati: «Umusi naja kwa so nkahabona Dowegi Umunyedomu, naciye menya+ ko atazobura kubibwira Sawuli. Abo mu muryango wa so bose ni jewe bazize. 23 Gumana nanje. Ntutinye kuko uwo wese azorondera kukwica, na jewe azoba arondera kunyica. Nzogukingira+.»