29 Ayo maraso aze agaruke ku gatwe ka Yowabu+ n’abo mu muryango wa se bose. Mu muryango wa Yowabu ntihaze higere habura umugabo arwaye indwara ituma ajojota mu bihimba vy’irondoka+, canke umunyamibembe+ canke umugabo akora ivyo guhinga inyuzi, canke uwicwa n’inkota canke uwukenye ibifungurwa+.»