-
Kuvayo 15:23-25Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
23 Nuko bashika i Mara*+, ariko ntibashobora kunywa amazi yaho kuko yarura. Ni co gituma aho hantu yahise Mara. 24 Abantu rero batangura kwidogera Musa+, bavuga bati: «None tunywa iki?» 25 Musa aca atakambira Yehova+, Yehova na we amwereka igiti. Musa aca agiterera mu mazi, ayo mazi aca araryoha.
Bakiri ng’aho, Imana ica ibashingira itegeko n’imvo yo kubacira urubanza yongera irabageza+.
-
-
2 Abami 2:19-21Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
19 Mu nyuma abagabo bo muri ico gisagara babwira Elisha bati: «Databuja, nk’uko ubibona, iki gisagara kiri ahantu heza+. Mugabo amazi yaho ni mabi, n’isi yaho ntimera*.» 20 Aca avuga ati: «Nimunzanire akabakure gashasha, mugashiremwo umunyu.» Nuko barakamuzanira. 21 Maze aja kw’isoko ry’amazi, atereramwo uwo munyu+, araheza avuga ati: «Yehova avuze ati: “Aya mazi ndayatyoroye abaye meza. Ntazosubira guteza urupfu canke ngo atume isi itamera*.”»
-