28 Bayasha yamwishe mu mwaka ugira gatatu Asa umwami w’Ubuyuda aganza, aca atangura kuganza mu kibanza ciwe. 29 Akimara kuba umwami, yica abo mu muryango wa Yerobowamu bose, ntihagira n’umwe asigaza. Yarabazimanganije nk’uko Yehova yari yarabivuze biciye ku musavyi wiwe Ahiya w’i Shilo+.