1 Abami 16:31 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 31 Nk’aho umengo gukora ibicumuro nk’ivya Yerobowamu+ mwene Nebati cari ikintu gisanzwe, yageretseko atwara Yezebeli+ umukobwa wa Etibayali umwami w’Abanyasidoni+. Maze atangura gukorera Bayali+ no kuyunamira. 1 Abami 18:4 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 4 Igihe Yezebeli+ yica abahanuzi ba Yehova, Obadiya yafashe abahanuzi 100 abanyegeza mu masenga mu migwi y’abantu 50, akaza arabaronsa umukate n’amazi.) 1 Abami 19:2 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 2 Yezebeli aca arungika intumwa kuri Eliya ati: «Ejo nk’aya mango nintakugira nk’uko wagize umwe wese* muri abo bahanuzi, imana zizobimpanire bimwe bikomeye!» 1 Abami 21:7 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 7 Umugore wiwe Yezebeli aca amubwira ati: «None si wewe uganza Isirayeli? Vyuka urye ntusubire kubabara. Umurima w’imizabibu wa Naboti w’i Yezireli jewe nzowuguha+.»
31 Nk’aho umengo gukora ibicumuro nk’ivya Yerobowamu+ mwene Nebati cari ikintu gisanzwe, yageretseko atwara Yezebeli+ umukobwa wa Etibayali umwami w’Abanyasidoni+. Maze atangura gukorera Bayali+ no kuyunamira.
4 Igihe Yezebeli+ yica abahanuzi ba Yehova, Obadiya yafashe abahanuzi 100 abanyegeza mu masenga mu migwi y’abantu 50, akaza arabaronsa umukate n’amazi.)
2 Yezebeli aca arungika intumwa kuri Eliya ati: «Ejo nk’aya mango nintakugira nk’uko wagize umwe wese* muri abo bahanuzi, imana zizobimpanire bimwe bikomeye!»
7 Umugore wiwe Yezebeli aca amubwira ati: «None si wewe uganza Isirayeli? Vyuka urye ntusubire kubabara. Umurima w’imizabibu wa Naboti w’i Yezireli jewe nzowuguha+.»