ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Abami 16:15-19
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 15 Mu mwaka ugira 27 Asa umwami w’Ubuyuda aganza, ni ho Zimuri yaba umwami i Tiruza, aganza imisi indwi. Ico gihe abasoda b’Abisirayeli bari hafi y’igisagara ca Gibetoni+ kugira bagitere. Ico gisagara caganzwa n’Abafilisitiya. 16 Maze abo basoda bumva yuko Zimuri yari yateguye umugambi wo kugirira nabi umwami kandi ko yari yamwishe. Uwo musi nyene abasoda bose b’Abisirayeli* baca bimika umukuru w’ingabo yitwa Omuri+ ngo abe ari we aganza Isirayeli. Bamwimikiye aho nyene bari bakambitse. 17 Omuri n’abasoda bose b’Abisirayeli* bari kumwe na we, bava i Gibetoni baja kwugariza igisagara ca Tiruza. 18 Zimuri abonye ko igisagara cafashwe, aca yinjira mu munara ukomeye wo ku kirimba* maze aturira ico kirimba apfirayo+. 19 Ivyo vyamushikiye kubera yacumuye, agakora ivyo Yehova abona ko ari bibi, agakurikira akarorero kabi ka Yerobowamu. Ikindi catumye bimushikira ni uko yatumye Abisirayeli bacumura+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika