-
1 Abami 16:15-19Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
15 Mu mwaka ugira 27 Asa umwami w’Ubuyuda aganza, ni ho Zimuri yaba umwami i Tiruza, aganza imisi indwi. Ico gihe abasoda b’Abisirayeli bari hafi y’igisagara ca Gibetoni+ kugira bagitere. Ico gisagara caganzwa n’Abafilisitiya. 16 Maze abo basoda bumva yuko Zimuri yari yateguye umugambi wo kugirira nabi umwami kandi ko yari yamwishe. Uwo musi nyene abasoda bose b’Abisirayeli* baca bimika umukuru w’ingabo yitwa Omuri+ ngo abe ari we aganza Isirayeli. Bamwimikiye aho nyene bari bakambitse. 17 Omuri n’abasoda bose b’Abisirayeli* bari kumwe na we, bava i Gibetoni baja kwugariza igisagara ca Tiruza. 18 Zimuri abonye ko igisagara cafashwe, aca yinjira mu munara ukomeye wo ku kirimba* maze aturira ico kirimba apfirayo+. 19 Ivyo vyamushikiye kubera yacumuye, agakora ivyo Yehova abona ko ari bibi, agakurikira akarorero kabi ka Yerobowamu. Ikindi catumye bimushikira ni uko yatumye Abisirayeli bacumura+.
-