14 Hezekiya umwami w’Ubuyuda aca arungika intumwa i Lakishi kubwira umwami wa Ashuri ngo: «Naragize nabi. Ndagusavye usubire inyuma, ureke kuntera. Ico unsaba cose nzokiguha.» Nuko umwami wa Ashuri ategeka ko Hezekiya umwami w’Ubuyuda amuha italanto 300 z’ifeza n’italanto 30 z’inzahabu.