-
2 Abami 18:9-11Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
9 Mu mwaka ugira kane umwami Hezekiya aganza, ni ukuvuga mu mwaka ugira indwi Hosheya+ mwene Ela umwami wa Isirayeli aganza, Shalumaneseri umwami wa Ashuri aduga gutera Samariya, arahugariza+. 10 Bafata Samariya+ haheze imyaka itatu. Hari mu mwaka ugira gatandatu Hezekiya aganza, ni ukuvuga mu mwaka ugira icenda Hosheya umwami wa Isirayeli aganza. 11 Maze umwami wa Ashuri ajana Abisirayeli mu bunyagano+ i Ashuri. Abajana kuba i Hala n’i Habori hafi y’uruzi Gozani no mu bisagara vy’Abamedi+.
-