ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 28:45
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 45 Iyi mivumo yose+ izobazako, ibakurikire kandi ibahamvye gushika muherengeteye mwese+, kuko mutazoba mwumvirije ijwi rya Yehova Imana yanyu, ngo mukurikize amabwirizwa yiwe n’ivyagezwe vyiwe ndabategetse uyu musi+.

  • Gusubira mu vyagezwe 28:63
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 63 Nk’uko Yehova yahimbawe no kubahezagira akabagwiza, ni ko nyene Yehova azohimbarwa no kubatikiza abaherengeteze. Azobarandura mu gihugu mugira mwigarurire.

  • 1 Abami 14:16
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 16 Azoheba Abisirayeli kubera ibicumuro Yerobowamu yakoze, agatuma n’Abisirayeli babikora+.»

  • Hoseya 1:4
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 4 Yehova aca amubwira ati: «Mwite Yezireli*, kuko mu gihe gito nzogira ico mbaza umuryango* wa Yehu+ kubera ubwicanyi bwabereye i Yezireli, kandi nzokuraho ingoma y’inzu ya Isirayeli+.

  • Amosi 5:27
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 27 kandi nzobarungika mu bunyagano hakurya ya Damasiko+”, ni ko umwe yitwa Yehova Imana Nyeningabo avuze+.»

  • Mika 1:6
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  6 Samariya nzoyigira ikirundo c’ibihomvagurike mu gahinga,

      ahantu ho gutera imizabibu.

      Amabuye yiwe nzoyaterera* mu kiyaya,

      imishinge yiwe ndayishire ahabona.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika