-
2 Abami 24:12, 13Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
12 Maze Yehoyakini umwami w’Ubuyuda ari kumwe na nyina, n’abasuku biwe, n’abatware biwe*, n’abakozi bo ku kirimba iwe+, baja kwishikana ku mwami wa Babiloni+, na we aca amugira imbohe. Hari mu mwaka ugira umunani umwami wa Babiloni aganza+. 13 Agenda atwaye ubutunzi bwose bwari mu nzu ya Yehova n’ubwari mu nzu* y’umwami+. Ahimbagura ibikoresho vy’inzahabu vyose vyari mu rusengero rwa Yehova, vyari vyakozwe na Salomo umwami wa Isirayeli+. Vyabaye nk’uko Yehova yari yarabivuze.
-
-
Yeremiya 27:21, 22Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
21 Egome, ibi ni vyo Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ku bijanye n’ibikoresho bisigaye mu nzu ya Yehova, mu nzu* y’umwami w’Ubuyuda n’i Yeruzalemu: 22 “Yehova avuze ati: ‘Bizojanwa i Babiloni+ kandi ni ho bizoguma gushika umusi nzovyitaho*. Nzoheza ndabigarukane ndabisubize aha hantu+.’”»
-