ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Abami 21:16
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 16 Manase yarasheshe n’amaraso menshi cane y’abantu ata co bazira, Yeruzalemu yose ayuzuza amaraso+. Ivyo vyaje vyiyongera ku gicumuro yakwegeyemwo abo mu Buyuda bagakora ivyo Yehova abona ko ari bibi.

  • 2 Abami 23:26
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 26 Ariko ishavu rirurumba Yehova yari afitiye Ubuyuda ntiryaheze, kubera ibintu vyose bibabaza Manase yari yarakoze kugira amubabaze+.

  • 2 Ngoma 33:11-13
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 11 Nuko Yehova atuma abakuru b’ingabo z’umwami wa Ashuri babatera. Maze Manase bamufatisha ingobe*, bamubohesha amapingu abiri y’umujumpu hanyuma bamujana i Babiloni. 12 Ageze mu marushwa, atakambira Yehova Imana yiwe, aguma yicisha bugufi cane imbere y’Imana ya ba sekuruza. 13 Aguma asenga Imana, na yo igira akagongwe kubera ugutabaza kwiwe. Yumva ugutakamba kwiwe, iraheza imusubiza i Yeruzalemu ku ntebe yiwe y’ubwami+. Maze Manase amenya ko Yehova ari we Mana y’ukuri+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika