-
Yeremiya 8:1, 2Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
8 Yehova avuze ati: «Ico gihe amagufa y’abami b’Ubuyuda, ay’abatware baho, ay’abaherezi, ay’abahanuzi n’ay’ababa i Yeruzalemu azokurwa mu mva zabo. 2 Azosanzwa munsi y’izuba, ukwezi n’ingabo zose zo kw’ijuru. Ivyo bintu barabikunze barabikorera, barabikurikira, barabirondera bongera baravyunamira+. Ayo magufa ntazokwegeranywa canke ngo ahambwe. Azoba nk’intabire isanzaye kw’isi+.
-