3 Mu mwaka ugira 8 ari umwami, akaba yari akiri muto, atangura kurondera Imana ya sekuruza Dawidi+. Mu mwaka ugira 12 na ho, atangura guhumanura Ubuyuda na Yeruzalemu+, akurayo ibibanza vyo gusengeramwo+ n’inkingi nyeranda z’ibiti n’ibishusho bibajwe+ be n’ibishusho bikozwe mu cuma.