-
Itanguriro 19:1-3Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
19 Ba bamarayika babiri bashika i Sodomu ku mugoroba, kandi Loti yari yicaye kw’irembo rya Sodomu. Ababonye aca arahaguruka aja kubasanganira, arunama mu maso hashika hasi+. 2 Ababwira ati: «Batungwa, ndabasavye muce ku muhana w’umusavyi wanyu, muharare bongere baboze ibirenge. Muzoheza muvyuke kare mubandanye urugendo rwanyu.» Na bo bamwishura bati: «Oya, turara mu kibanza rusangi*.» 3 Mugabo arabinginga ku buryo bajana muhira iwe. Aca abategurira imfungurwa zidasanzwe, abokereza n’imikate itarimwo umwambiro, baraheza barafungura.
-