13 Nuko Hezekiya yakira abantu uwo mwami yatumye, maze abereka ububiko bw’itunga ryiwe ryose+: uri ifeza, inzahabu, amavuta amota neza n’ayandi mavuta y’agaciro, ibirwanisho vyiwe n’ibindi bintu vyose yari atunze. Nta na kimwe Hezekiya ataberetse mu nzu yiwe no mu bwami bwiwe bwose.