ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Abami 23:36, 37
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 36 Yehoyakimu+ yabaye umwami afise imyaka 25, maze amara imyaka 11 aganza i Yeruzalemu+. Nyina yitwa Zebida, akaba yari umukobwa wa Pedaya w’i Ruma. 37 Yagumye akora ivyo Yehova abona ko ari bibi+, yigana ivyo ba sekuruza bari barakoze vyose+.

  • Yeremiya 24:8
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 8 Mugabo ku bijanye n’izo nsukoni mbi cane ku buryo zidashobora kuribwa+, Yehova avuze ati: ‘Uko bazifata ni ko nzofata Zedekiya+ umwami w’Ubuyuda n’abatware* biwe n’abantu b’i Yeruzalemu barokotse, baba abakiri muri iki gihugu canke abari mu gihugu ca Misiri+.

  • Yeremiya 37:1, 2
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 37 Nuko umwami Zedekiya+ mwene Yosiya atangura kuganza mu kibanza ca Koniya*+ mwene Yehoyakimu, kuko Nebukadinezari* umwami wa Babiloni yari yamugize umwami w’Ubuyuda+. 2 Mugabo we n’abasuku biwe n’abanyagihugu ntibumvirije ivyo Yehova yavuze biciye ku muhanuzi Yeremiya.

  • Yeremiya 38:5, 6
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 5 Umwami Zedekiya abishura ati: «Ehe ari mu maboko yanyu, kuko ata na kimwe umwami yobabuza.»

      6 Bafata rero Yeremiya bamuterera mw’itangi rya Malikiya umuhungu w’umwami, rikaba ryari mu kigo c’abarinzi+. Bamanura Yeremiya bakoresheje imigozi. Ico gihe nta mazi yari muri iryo tangi, hariyo urwondo gusa. Nuko Yeremiya atangura kunyika muri nya rwondo.

  • Ezekiyeli 21:25
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 25 Nayo wewe ga mukuru wa Isirayeli w’umubisha+, wewe wakomerekejwe bimwe vyo gupfa, umusi wawe washitse, umusi w’igihano cawe ca nyuma.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika