ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Ngoma 36:11
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 11 Zedekiya+ yabaye umwami afise imyaka 21, maze amara imyaka 11 aganza i Yeruzalemu+.

  • 2 Ngoma 36:13
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 13 Yaranagararije umwami Nebukadinezari+ kandi yari yaramurahije mw’izina ry’Imana. Yagumye ari intagondwa*, akomantaza umutima, yanka kugamburukira Yehova Imana ya Isirayeli.

  • Yeremiya 27:12
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 12 Zedekiya+ umwami w’Ubuyuda na we nyene namubwiye nk’ukwo nyene nti: «Nimushire kw’izosi igiti co kwikoreza imizigo c’umwami wa Babiloni, mumukorere we n’abantu biwe. Ni ho muzobandanya kubaho+.

  • Yeremiya 38:17
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 17 Yeremiya rero aca abwira Zedekiya ati: «Yehova Imana Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ati: “Niwishikana* ku batware b’umwami wa Babiloni, uzobaho kandi iki gisagara ntikizoturirwa, kandi wewe n’abo mu rugo rwawe ntimuzopfa+.

  • Ezekiyeli 17:12-15
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 12 «Ndakwinginze ubwire ba bagarariji uti: “Aho ntimutahura ico ibi bisobanura?” Uvuge uti: “Umviriza! Umwami wa Babiloni yaraje i Yeruzalemu, afata umwami waho n’abatware baho, agenda abajanye i Babiloni+. 13 Maze afata umwe mu bo mu nda y’ingoma*+, agirana na we isezerano, aramurahiza+. Araheza atwara abantu bakurubakuru bo mu gihugu+ 14 kugira ngo ubwami bucishwe bugufi, ntibusubire gukomera. Bwobandanije kubaho ari uko gusa abantu bubahirije isezerano+. 15 Mugabo amaherezo umwami aramugarariza+ mu kurungika intumwa ziwe mu Misiri, kugira ngo Misiri imuhe amafarasi+ n’ingabo nyinshi+. Mbega azororanirwa? Mbega uwukora ivyo azogenda adahanywe? Yorenga kw’isezerano akarusimba+?”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika