-
Ezekiyeli 17:12-15Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
12 «Ndakwinginze ubwire ba bagarariji uti: “Aho ntimutahura ico ibi bisobanura?” Uvuge uti: “Umviriza! Umwami wa Babiloni yaraje i Yeruzalemu, afata umwami waho n’abatware baho, agenda abajanye i Babiloni+. 13 Maze afata umwe mu bo mu nda y’ingoma*+, agirana na we isezerano, aramurahiza+. Araheza atwara abantu bakurubakuru bo mu gihugu+ 14 kugira ngo ubwami bucishwe bugufi, ntibusubire gukomera. Bwobandanije kubaho ari uko gusa abantu bubahirije isezerano+. 15 Mugabo amaherezo umwami aramugarariza+ mu kurungika intumwa ziwe mu Misiri, kugira ngo Misiri imuhe amafarasi+ n’ingabo nyinshi+. Mbega azororanirwa? Mbega uwukora ivyo azogenda adahanywe? Yorenga kw’isezerano akarusimba+?”
-