-
2 Abami 4:1, 2Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
4 Umugore umwe yari afise umugabo wo mu mugwi w’abana b’abahanuzi+. Umusi umwe aza kuririra Elisha ati: «Databuja, umugabo wanje akaba n’umusuku wawe, yarapfuye kandi urazi neza ko yamye atinya Yehova+. None hari umuntu yari afitiye ideni yaje gutwara abana banje bompi ngo abagire abashumba.» 2 Elisha aca amubaza ati: «Ndagufashe iki? Mbwira, ufise iki mu nzu?» Na we ati: «Jewe umusukukazi wawe nta kindi mfise mu nzu atari umubindi w’amavuta*+.»
-