19 Mugabo Eliya amubwira ati: «Mpa uwo muhungu wawe.» Maze aramuterura amuha Eliya. Eliya aca amudugana mu cumba co hejuru yararamwo, amuryamika ku buriri bwiwe+. 20 Atakambira Yehova, avuga ati: «Ewe Yehova Mana yanje+, kubera iki uteje ivyago n’uyu mupfakazi ampaye indaro mu kumwicira umwana?»