-
Ivyakozwe 7:37, 38Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
37 Uyo Musa ni we yabwiye Abisirayeli ati: “Imana izobaha umuhanuzi ameze nkanje, imukuye muri benewanyu+.” 38 Uyo Musa ni we yari kumwe n’ishengero mu bugaragwa. Yari kumwe kandi na wa mumarayika+ yavugana na we+ ku musozi Sinayi, hamwe na ba sogokuruza bacu. Yarahawe amajambo meranda mazima kugira ayaduhe+.
-