Kuvayo 6:23 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 23 Aroni arongora Elisheba umukobwa wa Aminadabu, mushiki wa Nahashoni+. Araheza avyara Nadabu, Abihu, Eleyazari na Itamari+. Kuvayo 28:1 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 28 Uzotumako mwenewanyu Aroni+ n’abahungu biwe, ubatandukanye n’abandi b’Isirayeli, kugira bambere abaherezi+. Azoba ari Aroni n’abahungu biwe+ ari bo Nadabu, Abihu+, Eleyazari na Itamari+. Guharura 4:28 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 28 Ico ni co gikorwa Abagerushoni bazokora kw’ihema ry’ibonaniro+. Itamari+ umuhungu wa Aroni umuherezi ni we azohagarikira ibikorwa vyabo. 1 Ngoma 24:2 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 2 Ariko Nadabu na Abihu batanze se gupfa+, kandi nta bahungu bavyaye. Eleyazari+ na Itamari bobo bagumye ari abaherezi. 1 Ngoma 24:4 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 4 Kubera ko bene* Eleyazari bari bafise abakuru benshi kurusha bene Itamari, uku ni ko baciye babagabura: bene Eleyazari baronse abakuru 16 b’imigwi mikurumikuru igize umuryango bakomokamwo, bene Itamari baronka 8.
23 Aroni arongora Elisheba umukobwa wa Aminadabu, mushiki wa Nahashoni+. Araheza avyara Nadabu, Abihu, Eleyazari na Itamari+.
28 Uzotumako mwenewanyu Aroni+ n’abahungu biwe, ubatandukanye n’abandi b’Isirayeli, kugira bambere abaherezi+. Azoba ari Aroni n’abahungu biwe+ ari bo Nadabu, Abihu+, Eleyazari na Itamari+.
28 Ico ni co gikorwa Abagerushoni bazokora kw’ihema ry’ibonaniro+. Itamari+ umuhungu wa Aroni umuherezi ni we azohagarikira ibikorwa vyabo.
2 Ariko Nadabu na Abihu batanze se gupfa+, kandi nta bahungu bavyaye. Eleyazari+ na Itamari bobo bagumye ari abaherezi.
4 Kubera ko bene* Eleyazari bari bafise abakuru benshi kurusha bene Itamari, uku ni ko baciye babagabura: bene Eleyazari baronse abakuru 16 b’imigwi mikurumikuru igize umuryango bakomokamwo, bene Itamari baronka 8.