ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 30:10
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 10 Rimwe mu mwaka, ku musi w’impongano+, Aroni azosuka ku mahembe y’ico gicaniro amaraso makeyi y’ikimazi c’igicumuro kugira agityorore+. Azoza aragityorora rimwe mu mwaka, uko urunganwe rwanyu ruzogenda rurakurikirana. Ico gicaniro ni ceranda cane kuri Yehova.»

  • Abalewi 4:20
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 20 Azobigenza nk’uko yabigenjeje kuri ya shuri ya mbere y’ishikanwa ry’igicumuro. Ukwo ni ko umuherezi azobigenza kugira ishengero rikurweko igicumuro*+, kandi bazobabarirwa.

  • Abalewi 17:11
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 11 Kuko ubuzima bw’ikiremwa* buri mu maraso+, nanje nayashize ku gicaniro+ ku bwanyu kugira mubabarirwe ibicumuro*. Amaraso ni yo atuma mubabarirwa ibicumuro+ biciye ku buzima buri muri yo.

  • 2 Ngoma 29:24
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 24 Nuko abaherezi barayakerera, bayatanga nk’ishikanwa ry’igicumuro, baca bafata amaraso yayo bayamijagira ku gicaniro kugira Abisirayeli bose bakurweko ibicumuro*. Ivyo babigize kuko umwami yari yavuze ko Abisirayeli bose batangirwa ishikanwa riturirwa n’ishikanwa ry’igicumuro.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika