ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yosuwa 21:27-33
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 27 Abalewi bo mu miryango y’Abagerushoni+ baronka mu gice c’umuryango wa Manase igisagara uwishe umuntu ahungiramwo, ari co Golani+ mu karere ka Bashani n’amatongo yaho yo kuragiramwo, na Beshitera n’amatongo yaho yo kuragiramwo. Vyose hamwe vyari ibisagara bibiri.

      28 Mu karere k’umuryango wa Isakari+ hatanzwe ibi bisagara: Kishiyoni n’amatongo yaho yo kuragiramwo, Daberati+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo, 29 Yaramuti n’amatongo yaho yo kuragiramwo na Eni-Ganimu n’amatongo yaho yo kuragiramwo. Vyose hamwe vyari ibisagara bine.

      30 Mu karere k’umuryango wa Asheri+ hatanzwe ibi bisagara: Mishali n’amatongo yaho yo kuragiramwo, Abudoni n’amatongo yaho yo kuragiramwo, 31 Helikati+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo na Rehobu+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo. Vyose hamwe vyari ibisagara bine.

      32 Mu karere k’umuryango wa Nafutali hatanzwe ibi bisagara: igisagara uwishe umuntu ahungiramwo+, ari co Kedeshi+ muri Galilaya n’amatongo yaho yo kuragiramwo, Hamoti-Dori n’amatongo yaho yo kuragiramwo na Karitani n’amatongo yaho yo kuragiramwo. Vyose hamwe vyari ibisagara bitatu.

      33 Ibisagara vyose imiryango y’Abagerushoni yaronse vyari 13 n’amatongo yavyo yo kuragiramwo.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika