-
Yosuwa 21:20-26Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
20 Abandi Balewi bo mu miryango y’Abakohati bahabwa ibisagara mu karere k’umuryango wa Efurayimu biciye ku bupfindo. 21 Babaha igisagara uwishe umuntu ahungiramwo+, ari co Shekemu+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo mu karere k’imisozi ka Efurayimu. Babaha na Gezeri+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo, 22 Kibuzayimu n’amatongo yaho yo kuragiramwo, na Beti-Horoni+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo. Vyose hamwe vyari ibisagara bine.
23 Mu karere k’umuryango wa Dani hatanzwe ibi bisagara: Eliteke n’amatongo yaho yo kuragiramwo, Gibetoni n’amatongo yaho yo kuragiramwo, 24 Ayaloni+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo na Gati-Rimoni n’amatongo yaho yo kuragiramwo. Vyose hamwe vyari ibisagara bine.
25 Mu karere k’igice c’umuryango wa Manase hatanzwe ibi bisagara: Tanaki+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo na Gati-Rimoni n’amatongo yaho yo kuragiramwo. Vyose hamwe vyari ibisagara bibiri.
26 Ibisagara vyose abasigaye bo mu miryango y’Abakohati baronse vyari cumi hamwe n’amatongo yavyo yo kuragiramwo.
-