-
Gusubira mu vyagezwe 4:41-43Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
41 Ico gihe Musa yaciye ashira ku ruhande ibisagara bitatu mu buseruko bwa Yorodani+, 42 kugira ngo uwishe mugenziwe atabishaka kandi atari asanzwe amwanka+, ace ahungira muri kimwe muri ivyo bisagara maze abandanye kubaho+. 43 Ivyo bisagara vyari ibi: Bezeri+ mu bugaragwa bwo mw’itaba ku bw’Abarubeni, Ramoti+ muri Gileyadi ku bw’Abagadi, na Golani+ muri Bashani ku bw’Abamanase+.
-