-
Nehemiya 11:10-14Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
10 Mu baherezi hari aba: Yedaya mwene Yoyaribu, Yakini+, 11 Seraya umuhungu wa Hilikiya, Hilikiya wa Meshulamu, Meshulamu wa Sadoki, Sadoki wa Merayoti, Merayoti wa Ahitubu+ indongozi mu nzu* y’Imana y’ukuri, 12 hamwe na benewabo bakora igikorwa co muri iyo nzu. Bose hamwe bari 822. Hari na Adaya umuhungu wa Yerohamu, Yerohamu wa Pelaliya, Pelaliya wa Amusi, Amusi wa Zakariya, Zakariya wa Pashuri, Pashuri+ wa Malikiya, 13 na benewabo na Adaya, abakuru b’imigwi mikurumikuru igize umuryango bakomokamwo. Bose hamwe bari 242. Hari na Amashisayi umuhungu wa Azareli, Azareli wa Ahazayi, Ahazayi wa Meshilemoti, Meshilemoti wa Imeri, 14 na benewabo na Amashisayi, abagabo b’intwari kandi barinda. Bose hamwe bari 128. Zabidiyeli ni we yari abahagarikiye, akaba yava mu muryango ukomeye.
-