4 Yonatani+ mwene Sawuli yari afise umuhungu amugaye ibirenge+ yitwa Mefibosheti+. Yari afise imyaka itanu igihe haza inkuru ivuye i Yezireli+, ivuga ko Sawuli na Yonatani bapfuye. Umurezi wiwe yaciye amutwara arahunga. Mugabo ariko aramuhungana yataye umutwe, uwo mwana yaraguye aca aramugara.