-
2 Samweli 7:12-17Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
12 Ubuzima bwawe nibwarangira ugapfa*+, umuhungu wawe*, uruvyaro* rwawe bwite, nzomugira umwami mu kibanza cawe. Kandi ubwami bwiwe nzobukomeza+. 13 Ni we azokwubaka inzu yitirirwa izina ryanje+ kandi intebe yiwe y’ubwami nzoyikomeza ibihe bidahera+. 14 Nzomubera se, na we ambere umwana+. Niyakora nabi nzomukosoza inkoni*, ndamuhane nk’uko abantu* bagira+. 15 Sinzoreka kumugirira ubuntu* nk’uko naretse kubugirira Sawuli+, uwo nakuyeho ngo umusubirire. 16 Umuryango* wawe n’ubwami bwawe bizokwamaho ibihe vyose, n’intebe yawe y’ubwami yameho ibihe vyose+.’”»
17 Natani abwira Dawidi ayo majambo yose n’ivyo yeretswe vyose+.
-