-
2 Abami 21:2-6Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
2 Yakoze ivyo Yehova abona ko ari bibi, yigana imigenzo ishisha y’amahanga+ Yehova yari yaromoye akabisa Abisirayeli+. 3 Yasubiye kwubaka ibibanza vyo gusengeramwo ibigirwamana* se Hezekiya yari yarakuyeho+, yubaka n’ibicaniro vya Bayali, yongera ahingura inkingi nyeranda y’igiti*+ nk’uko Ahabu umwami wa Isirayeli yari yarabigize+. Yarunamira n’ingabo zose zo kw’ijuru* akazisenga*+. 4 Yarubatse n’ibicaniro mu nzu ya Yehova+ kandi ku vyerekeye iyo nzu, Yehova yari yaravuze ati: «I Yeruzalemu ni ho hazokwitirirwa izina ryanje+.» 5 Yarubakiye ibicaniro n’ingabo zose zo kw’ijuru+, avyubaka mu bigo bibiri vy’inzu ya Yehova+. 6 Yaranaturiye umuhungu wiwe bwite amutangako ikimazi*, akora ivy’amageza, aja mu vy’ubupfumu*+, ashiraho abakora ivyo guhanuza abapfuye*, ashiraho na ba rumenyi+. Akora ku rugero runini ivyo Yehova abona ko ari bibi, kugira ngo amubabaze.
-