-
Gusubira mu vyagezwe 29:24, 25Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
24 Abazobakomokako na ba kavamahanga hamwe n’amahanga yose bazovuga bati: “Kubera iki Yehova yagiriye gutya iki gihugu+? Ni igiki catumye arungura n’ishavu uku kwose?” 25 Maze abantu bazobishura bati: “Ni kubera barenze kw’isezerano bagiraniye na Yehova+ Imana ya ba sekuruza babo, iryo yagiraniye na bo igihe yabakura mu Misiri+.
-
-
2 Abami 25:8, 9Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
8 Mu mwaka ugira 19 Nebukadinezari umwami wa Babiloni aganza, ku musi ugira indwi w’ukwezi kugira gatanu, Nebuzaradani ashika i Yeruzalemu+. Nebuzaradani+ yakorera umwami wa Babiloni, akaba yari umukuru w’abamucungera. 9 Maze aturira inzu ya Yehova+, inzu* y’umwami+ n’inzu zose z’i Yeruzalemu+, aturira n’inzu z’abanyacubahiro bose+.
-