ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Abami 7:13, 14
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 13 Nuko umwami Salomo atumako Hiramu+ i Tiro. 14 Nyina yari umupfakazi wo mu muryango wa Nafutali. Se yahoze ari umucuzi ava i Tiro, akaba yakora ibintu vyo mu butare bw’umujumpu+. Hiramu yari umuhinga karuhariwe, aciye ubwenge+ kandi azi gukora ibintu vyo mu mujumpu* vy’ubwoko bwose. Nuko arenguka imbere y’umwami Salomo, akora ivyo yamusavye vyose.

  • 2 Ngoma 4:11-16
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 11 Hiramu akora n’utudobo, ibipawa n’amabakure+.

      Nuko arangiza ibintu umwami Salomo yamusavye gukora bijanye n’inzu y’Imana y’ukuri+. Ni vyo vy’ibi: 12 za nkingi zibiri+ na vya bintu bimeze nk’ibikono vyari hejuru yazo, twa tuntu tubiri tumeze nk’urusenga+ twari dukikuje ivyo bikono bibiri, 13 na ya makomamanga 400+ yari kuri za nsenga zibiri atonze mu mirongo ibiri kuri buri rusenga. Ayo makomamanga yari ayo gupfuka ivyo bikono bibiri vyari hejuru kuri izo nkingi+. 14 Yakoze na ya mashareti* cumi na vya bibesani cumi vyari kuri yo+, 15 ca gitangi citwa Ikiyaga na za mpfizi 12 zari munsi yaco+, 16 twa tudobo, vya bipawa, ya makanya+ n’ibindi bikoresho vyose Hiramu-Abi*+ yakoreye umwami Salomo ku bw’inzu ya Yehova. Yabikoze mu mujumpu usenye.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika