2 Ngoma 15:2 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 2 Nuko aja guhura na Asa amubwira ati: «Ewe Asa namwe mwese bo mu muryango wa Yuda n’uwa Benyamini, nimunyumvirize. Yehova nimwamugumako na we azobagumako+, kandi nimwamurondera muzomuronka*+. Mugabo nimwamuheba azobaheba+. Zaburi 73:27 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 27 Ni ukuri abaguma kure yawe bazohona. Uzozimanganya* abantu bose baguhemukira*+.
2 Nuko aja guhura na Asa amubwira ati: «Ewe Asa namwe mwese bo mu muryango wa Yuda n’uwa Benyamini, nimunyumvirize. Yehova nimwamugumako na we azobagumako+, kandi nimwamurondera muzomuronka*+. Mugabo nimwamuheba azobaheba+.