-
1 Ngoma 9:22-27Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
22 Abatowe bose ngo babe abarinzi b’amarembo bari 212. Ibibanza babamwo vyisunga urutonde rwerekana amamuko yabo+. Dawidi na Samweli, umwe yahishurirwa n’Imana*+, ni bo babajeje iryo banga ry’abizigirwa. 23 Bo hamwe n’abahungu babo bari bajejwe amarembo y’inzu ya Yehova+ n’ay’ihema ryeranda*. 24 Abo barinzi b’amarembo bari mu mpande zine: mu buseruko, mu burengero, mu buraruko no mu bumanuko+. 25 Benewabo baza baraza gukorana na bo bavuye iyo baba, bakamarana imisi indwi. 26 Hariho abakuru* bane b’abarinzi b’amarembo bajejwe ibanga ry’abizigirwa. Bari Abalewi, bakaba bari bajejwe ivyumba vy’urusengero* n’ububiko bw’itunga ry’inzu y’Imana y’ukuri+. 27 Barara ku birindiro vyabo bakikuje inzu y’Imana y’ukuri kuko bari bashinzwe igikorwa co kuharinda. Kandi ni bo bari bajejwe urupfunguruzo, bakama bugurura uko bukeye.
-