15 Esiteri ashikiriwe kuja iyo umwami ari, nta na kimwe yasavye kiretse ivyo yabwiwe na Hegayi inkone y’umwami akaba n’umurinzi w’abagore. Esiteri yari umukobwa wa Abihayili sewabo wa Morudekayi, umwe yamurera nk’umukobwa wiwe+. (Ico gihe cose, uwabona Esiteri wese yumva amukunze.)