-
2 Abami 24:14, 15Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
14 Atwara mu bunyagano ab’i Yeruzalemu bose: abatware* bose+, abarwanyi b’intwari bose, abanyamyuga bose b’abahinga hamwe n’abacuzi* bose+. Bose hamwe bari 10.000. Nta wasigaye mu gihugu kiretse abanyagihugu nyarucari+. 15 Nuko atwara Yehoyakini+ mu bunyagano i Babiloni+, agenda atwaye na nyina w’umwami, abagore b’umwami, abakozi bo ku kirimba iwe n’abantu bakurubakuru bo muri ico gihugu. Abakura i Yeruzalemu abatwara i Babiloni ari inyagano.
-
-
2 Ngoma 36:9, 10Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
9 Yehoyakini+ yabaye umwami afise imyaka 18, maze amara amezi atatu n’imisi cumi aganza i Yeruzalemu. Yagumye akora ivyo Yehova abona ko ari bibi+. 10 Mu ntango z’umwaka*, umwami Nebukadinezari atuma abantu biwe ngo bamuzane i Babiloni+. Baza bazanye n’ibintu vy’agaciro vyo mu nzu ya Yehova+. Maze yimika Zedekiya sewabo wa Yehoyakini, ngo abe umwami w’Ubuyuda na Yeruzalemu+.
-
-
Yeremiya 24:1Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
24 Maze Yehova anyereka ibisimbo bibiri vy’insukoni biteretse imbere y’urusengero rwa Yehova. Hari inyuma y’aho Nebukadinezari* umwami wa Babiloni ajaniye mu bunyagano Yekoniya*+ mwene Yehoyakimu+, umwami w’Ubuyuda, n’abatware* bo mu Buyuda n’abanyamyuga b’abahinga be n’abacuzi*. Yabakuye i Yeruzalemu abajana i Babiloni+.
-