ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Abami 24:14, 15
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 14 Atwara mu bunyagano ab’i Yeruzalemu bose: abatware* bose+, abarwanyi b’intwari bose, abanyamyuga bose b’abahinga hamwe n’abacuzi* bose+. Bose hamwe bari 10.000. Nta wasigaye mu gihugu kiretse abanyagihugu nyarucari+. 15 Nuko atwara Yehoyakini+ mu bunyagano i Babiloni+, agenda atwaye na nyina w’umwami, abagore b’umwami, abakozi bo ku kirimba iwe n’abantu bakurubakuru bo muri ico gihugu. Abakura i Yeruzalemu abatwara i Babiloni ari inyagano.

  • 1 Ngoma 3:16
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 16 Umuhungu wa Yehoyakimu yari Yekoniya+. Yekoniya na we yavyaye Zedekiya.

  • 2 Ngoma 36:9, 10
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 9 Yehoyakini+ yabaye umwami afise imyaka 18, maze amara amezi atatu n’imisi cumi aganza i Yeruzalemu. Yagumye akora ivyo Yehova abona ko ari bibi+. 10 Mu ntango z’umwaka*, umwami Nebukadinezari atuma abantu biwe ngo bamuzane i Babiloni+. Baza bazanye n’ibintu vy’agaciro vyo mu nzu ya Yehova+. Maze yimika Zedekiya sewabo wa Yehoyakini, ngo abe umwami w’Ubuyuda na Yeruzalemu+.

  • Yeremiya 22:28
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 28 Mbega uyu mugabo Koniya yoba ari ikibumbano gusa gisuzuguritse, camenaguwe,

      icombo ata n’umwe yipfuza?

      Kubera iki we n’abamukomokako bazotererwa hasi,

      bagashiburirwa mu gihugu batazi+?”

  • Yeremiya 24:1
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 24 Maze Yehova anyereka ibisimbo bibiri vy’insukoni biteretse imbere y’urusengero rwa Yehova. Hari inyuma y’aho Nebukadinezari* umwami wa Babiloni ajaniye mu bunyagano Yekoniya*+ mwene Yehoyakimu+, umwami w’Ubuyuda, n’abatware* bo mu Buyuda n’abanyamyuga b’abahinga be n’abacuzi*. Yabakuye i Yeruzalemu abajana i Babiloni+.

  • Yeremiya 37:1
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 37 Nuko umwami Zedekiya+ mwene Yosiya atangura kuganza mu kibanza ca Koniya*+ mwene Yehoyakimu, kuko Nebukadinezari* umwami wa Babiloni yari yamugize umwami w’Ubuyuda+.

  • Yeremiya 52:31
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 31 Mu mwaka ugira 37 Yehoyakini+ umwami w’Ubuyuda ari mu bunyagano, ku musi ugira 25 w’ukwezi kugira 12, Evili-Merodaki umwami wa Babiloni akura Yehoyakini* umwami w’Ubuyuda mw’ibohero, aramurekura. Hari mu mwaka Evili-Merodaki yatanguriyemwo kuganza+.

  • Matayo 1:11
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 11 Yosiya+ yavyaye Yekoniya+ na benewabo igihe Abayuda bajanwa kugirwa imbohe i Babiloni+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika