8 Hamani aca abwira umwami Ahasuwerusi ati: «Hari umugwi w’abantu bakwiragiye hirya no hino mu mahanga+ ari mu ntara zose zo mu karere utwara+. Amategeko yabo aratandukanye n’ay’ayandi mahanga yose, kandi ntibubaha amategeko y’umwami. Ntubareke ukwo mwami, kuko vyohava bikugirira nabi.