7 Umwami Ahasuwerusi aca abwira umwamikazi Esiteri na wa Muyuda Morudekayi ati: «Ibintu vyose vyo mu rugo rwa Hamani nabihaye Esiteri+, Hamani na we ndamumanikisha ku giti+, kubera umugambi yari yateguye wo gutera* Abayuda.
24 Gutyo, bokwamye bibuka ko Hamani+ mwene Hamedata Umwagagi+, wa mwansi w’Abayuda bose, yari yateguye umugambi wo guhonya Abayuda+, akagira na Puri+, ni ukuvuga ubupfindo, kugira abadurumbanye yongere abahonye.