-
Esiteri 8:11, 12Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
11 Muri ayo makete, umwami yahaye Abayuda bari mu bisagara vyose bitandukanye uburenganzira bwo kuja hamwe bakirwanira. Bahawe n’uburenganzira bwo kuzimanganya, kwica no guhonya ingabo zose z’umugwi kanaka w’abantu canke intara kanaka zobatera, harimwo n’abagore n’abana, bakigarurira n’ibintu vyabo+. 12 Ivyo vyobereye ku musi umwe, mu ntara zose umwami Ahasuwerusi atwara, ni ukuvuga ku musi ugira 13 w’ukwezi kwa 12 kwitwa Adari*+.
-